Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Barindiranye Igishika ko Zuma Akinjura


Perezida wa Afrika y'epfo Jacob Zuma n'icegera ciwe Cyril Ramaphosa.
Perezida wa Afrika y'epfo Jacob Zuma n'icegera ciwe Cyril Ramaphosa.

Igihugu ca Afrika y’epfo kirindiranye igishika ko perezida waco Jacob Zuma atangaza ko atanze imihoho kur’uyu wa gatatu, nk'uko yabitegetswe n’uburongozi bw’umugambwe wiwe ANC.

Kuva aho ashikiriye amabanga yo kurongora umugambwe mu kwezi kwa cumi na kabiri, icegera c’umukuru w’igihugu, Cyril Ramaphosa, aguma arondera ingene Zuma yokinjura, kugira ntihabe intambamyi mu matora yo mu mwaka wa 2019.

Umunyamabanga mukuru wa ANC, Ace Magashule, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru i Johannesburg ejo kuwa kabiri, yavuze ko n'aho ata tariki bwite yo gukinjura Zuma yahawe, ingingo yo kumuvana ku butegetsi ari ntabanduka.

Mu gatondo k’ejo kuwa kabiri, Cyril Ramaphosa aramutswa ANC ari kumwe n’umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe, Ace Magashule, barabonanye na Perezida Zuma.

Muri uyo mubonano, Zuma yoba yasavye kugumizwa ku butegetsi amezi make imbere yo kwegura, ariko abo bategetsi bamwishura ko bidakunda.

Vyitezwe ko Perezida Zuma agira ico avuze ku mugaragaro ku vyo yategetswe na ANC bitarenze kuri uno wa gatatu nk'uko amakuru ava mu mugambwe wiwe avyemeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG