Uko wahagera

USA: Uburusiya ni Intambamyi ku Matora Yimirije


Umuyobozi wa FBI Christopher Wray, hamwe n'umuyobozi w'ikigo CIA, Mike Pompeo, iburyo, bishura ibibazo vy'Abasenateri bakurikirana ibibazo vy'iperereza. Washington, Ukwezi kwa Kabiri, itariki 13, 2018.

Mu gihe hasigaye indwi nkeyi ngo hatunganwe amatora y’ibanze y’abashingamateka, abategesi batwara ibisata vy’iperereza muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bagabisha ko Uburusiya buri mu mugambi wo guhungabanya amatora yo mu 2018 nk'uko babigerageje mu mwaka w’2016.

Abo barongoye ibisata bitandatu (6) vy’iperereza babwiye umurwi w’Abasenateri bakurikirana ibibazo vy’iperereza ko Uburusiya bubona ko aya matora yo hagati y’ikiringo ca perezida ari akaryo ko kwerekana ubushobozi bufise.

Amatora yo hagati ya manda ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kumwe itariki ya gatandatu. Aya mbere y'ibanze azoba mu kwezi kwa gatatu, itariki zitandatu.

Abategetsi ba Amerika bamaze igihe bafise amakenga ko Uburusiya buzohungabanya amatora agiye kuza, mu ntumbero yo kubandanya poropagande, nk'uko bwabigize muri 2016 no mu matora yabaye ku mugabane wa Bulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG