Uko wahagera

Ubufaransa Bwiteguye Gutera Siriya


Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron i Tunis, mu rugendo muri Tuniziya, Itariki ya 1, ukwezi kwa kabiri, 2018.
Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron i Tunis, mu rugendo muri Tuniziya, Itariki ya 1, ukwezi kwa kabiri, 2018.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yatangaje ko igihugu ciwe citeguye gutera Siriya mu gihe amatohoza yogaragaza ko reta y’ico gihugu yakoresheje ibirwanisho vy’ubumara ku banyagihugu bayo. Ivyo Emmanuel Macron yabitangarije ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bakorera ku kirimba ciwe kur’uyu wa kabiri.

Macron yagize ati "Tuzotera aho ivyo vyuka vyavuye canke aho ivyo bitero vyateguriwe”. Yongeye ati "Ariko ubu nta vyemeza turaronka”.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yipfuza kandi ko hokorana inama mpuzamakungu kuri Siriya, bishobotse ikazobera mur’ako karere.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zatangaje ko zatoye ivyemeza ko hakozwe ibitero bitandatu hakoreshejwe ubumara bwa chlore kuva mu kwezi kwa mbere, mu bice birimwo abarwanya reta, aho abakomerekejwe n’ivyo vyuka bagaragaye.

Reta ya Siriya yarahakanye mu mpera z’ukwezi kwa mbere ko itigeze ikoresha ibirwanisho vy’ubumara, nayo Uburusiya, soma mbike na Siriya bwavuze ko iyo ari poropagande igamije kurondera aho imenera kugira habashe gukorwa ibitero kuri Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG