Abantu bagera ku bihumbi 200 baravuye mu vyabo mu kiringo c’amezi abiri y’intambara mu karere ka Ituri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Ayo makuru atangazwa n’amashirahamwe y’abagiraneza.
Ayo mashirahamwe atangaza ko kuva hagati mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze, abantu bagera ku bihumbi 200 bavuye mu vyabo mu karere ka Ituri, kubera intambara hagati y’abo mu bwoko bw'Abahema n’Abalendu. Ugutana mu mitwe hagati y’izo mpande zibiri vyahitanye abantu batari bake.
I Geneve, mu Busuwise, ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi, HCR rimenyesha ko impunzi z’Abanyekongo ibihumbi 22 zahunze uruhagarara n’ubwicanyi. Zajabutse ikiyaga Albert mu ndwi iheze zerekeza mu gihugu ca Uganda.
Abo bantu bahunga kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze ugutana mu mitwe hagati y’aba Hema n’abalendu, n’ugutana mu mitwe hagati y’iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho n’inteko za reta mu ntara ya Ituri.
Ubwicanyi n’uruhagarara mu ntara ya Ituri ni bimwe mu bigeramiye ubuseruko bwa Kongo.
Ishirahamwe HCR ririko rikorana n’abategetsi b’igihugu ca Uganda kugira bandikishe Abanyekongo bagihungiramo.
Facebook Forum