Ibisigarira vy’ibisasu vyo mu ntambara bimaze kwica abasivile bahunguka mu gisagara ca Raqqa, inyuma y’aho reta ya Siriya yambuye ico gisagara umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu kwezi kwa cumi 2017, kandi ibitigiri vy’abapfa bizobandanya vyiyongera mu gihe amakungu ataco yokora vuba kugira azure ivyo bisasu mu kuzimu, Human Rights Watch, yagabishije kur’uyu wa mbere.
"Gutsinda ISIS mu gisagara ca Raqqa vyagaragaye nk’intsinzi ku makungu, ariko intererano y’ayo makungu mu guhangana n’ingaruka z’iyo ntambara, cane cane gukura ibisasu vyahambwe mu kuzimu ntiriko iraboneka," Nadim Houry, umuyobozi wa porogaramu yo kurwanya iterabwoba muri HRW niwe yabitangaje.
Abantu bashika 491 barimwo abana 157, benshi muri bo bapfuye bariko baja gutora imfashanyo y’imiti. HRW ivuga ko abapfa barengeye abatangazwa mu ma raporo.
Mu ndwi iheze, Panos Moumtzis, umwunganirizi w’umunyamabanga mukuru akaba ajejwe ivy’imfashanyo ku ntambara yo muri Siriya, yavuze ko irwirirana ry’ibisasu vyatezwe mu kuzimu biteye amakenga kandi bihitana abashika 50 gushika kuri 70 buri ndwi mu gisagara ca Raqqa.
Moumtzis yongeye avuga ko ivyo bisasu bikwiragiye mu mazu, mu vyumba no ku metero yose mur’ico gisagara.
Facebook Forum