Uko wahagera

RDC: Abandi Basirikare ba Monusco Bagirizwa Ivyaha


Abasirikare ba Monusco bashitse mu mihana y' i Kamonia, mu ntara ya Kasai.

Abasirikare bamuka muri Afurika y’epfo bari mu nteko za ONU muri Republika iharanira demokarasi ya Congo baregwa kuba barakubise umuyabaga w’imyaka 17 y’amavuko kandi ko boba barasambanije n’abagore. Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa mbere na Stéphane Dujarric avugira ONU.

Amatohoza ya ONU ifatanije na Afurika y’epfo agiye gutangura kur’ivyo birego vyoba vyabereye mu ntara za Kasai na Kivu ya ruguru.

Dujarric amenyesha ko uwo muyabaga yakubaguriwe mu ntara ya Kasai mu gihe abo bagore na bo basambanijwe mu bisagara vya Sake, Beni na Goma muri Kivu ya ruguru, umwe muri bo yoba yaravyaye n'umwana.

Umuvugizi wa ONU ariko ntavuga igitigiri c’abasirikare bagirizwa ivyo vyaha.

Kuva ashikira amabanga yo kurongora ishirahamwe mpuzamakungu ONU, haraheze umwaka urenga gato, Antonio Guterres yiyemeje kudaharira umusirikare wa ONU azokwigenza nabi ku banyagihugu ashinzwe gukingira.

ONU ifise abasirikare ibihumbi 17.500 n’abapolisi muri RDC, igitigiri ca mbere kinini c’abasirikare ba ONU kw'isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG