Uko wahagera

Etiyopiya: Bekele Gerba Yejejwe n'Ubutungane


Bekele Gerba
Bekele Gerba

Reta y’igihugu ca Ethiopiya yakuyeho ivyagirizo kuri Bekele Gerba atavuga rumwe na Reta. Ivyo vyatangajwe n’itangazamakuru rya Reta kur'uyu wa mbere.

Iyo ngingo ifashwe na Reta inyuma y’umuhango watanzwe mu kwezi guheze n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Hailemariam Desaleng wo gutangura kurekura abapfungiwe ivya politike.

Umushikirizamanza mukuru w’igihugu yakuyeho ivyaha ku bantu indwi bikekwa, harimwo Bekele Gerba.

Ivyo biri mu mugambi wa Reta wo gukuraho ivyaha n’ukugirira ikigongwe abanyepolitike hamwe n’abandi bagirizwa ivyaha, mu ntumbero yo gutuma haba ukwumvikana mu gihugu no kwagura urubuga rwa politike.

Bekele Gerba, ni umwigisha w’indimi zo hanze akongera akaba ari icegera c’umuyobozi w’umurwi utavuga rumwe na Reta ugizwe n’abo mu bwoko bw’aba Oromo, Oromo Federalist Congress.

Yahagaritswe mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2015, igihe abo mu bwoko bwiwe b’aba Oromo batangura imyiyerekano yo kwiyamiriza amategeko babona ko azotuma batakaza ubutaka bwabo.

Irekurwa ryiwe n’abandi bari bapfunzwe bigenewe kugabanya umwuka mubi mu gihugu ca Ethiopiya, inyuma y’imyiyerekanao y’ukwiyamiriza Reta yabaye mu mwaka w’i 2015 n’umwaka w’i 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG