Uko wahagera

Reta y'Amerika Yongeye Gufungura Inyuma y'Igihe Gito Ifunze


Bamwe mu bayobozi ba sena ya Amerika bagaragaje ubufatanye mu kwemeza amafranga yo gukoresha.
Bamwe mu bayobozi ba sena ya Amerika bagaragaje ubufatanye mu kwemeza amafranga yo gukoresha.

Reta y'Amerika yongeye gukomeza akazi m nyuma y'umwanya muto yamaze nta mahera yo gukoresha yemejwe n'abashingamateka.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yateye umukono uno musi ku wa gatanu kw’itegeko rigenga amafranga reta izokoresha mu kiringo c’imyaka ibiri yimirije. Ivyo vyabaye amasaha makeyi inyuma yuko inama nshingamateka yemeje iryo tegeko mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatanu. Iryo tegeko rirongereza amafranga igisirikare kizokoresha n’ayandi mafranga azokoreshwa mu gihugu ku rugero rw’imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari.

Perezida Trump yatangaje ku rubuga Twitter ko yateye umukono kuri iryo tegeko. Yatangaje kw’igisirikare kizogira inguvu kurusha imbere yaho. Amenyesha ko ari iirya mbere bishitse mu kiringo kirekire. Atangaza kandi kw’ivyo bizotuma ubuzi buboneka.

Yamara iryo tegeko ryemejwe naho hari bamwe mu banyepolitike barirwanije mu kuvuga ko rizokongereza bikomeye amafaranga Reta y'Amerika ikoresha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG