Uko wahagera

Ubushinwa Ntibwabuye Ibiro vy'Ubumwe bw'Afurika


Umuyobozi w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat abonana n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Wang Yi. Beijing, itariki 8 ukwezi kwa 2, 2018.
Umuyobozi w’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat abonana n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Wang Yi. Beijing, itariki 8 ukwezi kwa 2, 2018.

Umuyobozi w’umuryango w’ibihugu vya Afurika, Moussa Faki Mahamat yiyamirije, kur'uyu wa kane, mu rugendo mu gihugu c’Ubushinwa, amakuru yashikirijwe n’ikinyamakuru c’Abafaransa, "Le Monde". Ico kinyamakuru gitangaza ko Ubushinwa bwasumye urusaku kuri uwo muryango.

Moussa Faki Mahamat avuga ko ivyo ari ibinyoma bigamije kugeramira imigenderanire hagati y’akarere ka Afrika n’Ubushinwa.

Amakuru yashikirijwe n’ikinyamakuru "Le Monde" mu kwezi kwa mbere, avuga ko abakozi ku cicaro c’umuryango w’ibihugu vya Afurika ku murwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba, batoye mu mwaka uheze kwo ivyo bari bafise mu vyuma vya ordinateri vyabo vyabuwe n’Ubushinwa kuva mu mwaka wa 2012.

Ubushinwa ni bwo bwubatse inyubakwa y’icicaro c’umuryango w’ibihugu vya Afrika i Addis Abeba.

Moussa Faki Mahamat abona ko gusuma urusaku bitari mu nyungu z’Ubushinwa. Ivyo yabitangaje mu rugendo arimwo ku murwa mukuru w’Ubushinwa, Beijing, kuri uyu wa kane.

Yabonanye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Wang Yi. Baganiye ivyerekeye ugufashanya hagati y’akarere ka Afurika n’Ubushinwa ku bibazo bitandukanye, n’ukwugurura ibiro biserukira uwo muryango ku murwa mukuru, Beijing.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG