Prezida w’igihugu ca Ghana, Nana Akufo-Addo yahayagije, uno musi ku wa kane, ukunaguka kw’ubutunzi bw’igihugu ciwe. Yamenyesheje ko atabona impamvu zo kurondera izindi ngurane z’ikigega mpuzamakungu FMI.
Mu mwaka w’i 2015, Reta y’uwahoze ari prezida wa Ghana, John Mahama yategerejwe kwitura ikigega FMI kugira gifashe igihe ibiciro vy’amatungo yo mu butaka vyari vyagabanutse bikomeye.
Yamara Prezida Akufo-Addo yabwiye inama nshingamateka, mw’ijambo rivuga ukugene igihugu cifashe yama ashikiriza uko umwaka utashe, ko Reta yiwe yafashe ngingo zikomeye zo kurwanya ikoreshwa nabi ry’amafranga ya Reta.
Atangaza ko Reta yiwe yafashe ingingo z’ukunagura ubutunzi ku buryo itazorondera gusubira kugarukirwa n’ikigega mpuzamakungu FMI.
Mu kwezi guheze ibanki y’isi yose yatangaje ko ubutunzi bwa Ghana bushobora kuzokwiyongera 8.3% mur’uyu mwaka. Ivyo kubera ukwiyongera kw’umwimbu w’ibitoro na gaz.
Facebook Forum