Uko wahagera

USA: Abasenateri Bemeye ko Reta Ibandanya Imirimo


Senateri Mitch McConnell, ava mu ngoro y'amakoraniro inyuma yo kwumvikana guha reta amafaranga azoyimaza imyaka ibiri, Washington, itariki 7 y'ukwezi kwa 2, 2018.
Senateri Mitch McConnell, ava mu ngoro y'amakoraniro inyuma yo kwumvikana guha reta amafaranga azoyimaza imyaka ibiri, Washington, itariki 7 y'ukwezi kwa 2, 2018.

Umusi umwe imbere y'uko ibikorwa vya reta vyongera guhagarara muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, indongozi z’Abasenateri kur’uyu wa gatatu bemeranije guha reta amafaranga izokoresha mu myaka ibiri ariko baba barabangira ku kibazo batarumvikanako cerekeye abimukira.

Ayo mafaranga arimwo ayongerejwe mu yakoreshwa mu gisirikare hamwe n’iyindi migambi yo gufasha abanyagihugu ashika ku miliyaridi 300 z'amadolari mu kiringo c’imyaka ibiri.

Abo barongoye abandi mu basenateri bariko biruka n’umwanya, aho amahera yari yabaye arahabwa reta aherana n’uyu wa kane, isaha zitandatu z’ijoro. N'aho bumvikanye kur’ayo mafaranga, reta ishobora kuzohura n’ingorane nk’izi mu mezi atari make ari imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG