Uko wahagera

Imigambwe 10 Yahagaritswe muri Chad


Ahmat Mahamat Bachir, Umushikiranganji w'umutekano muri Chad, i N'Djamena, Tchad, itariki 6 z'ukwezi kwa 2, 2018.
Ahmat Mahamat Bachir, Umushikiranganji w'umutekano muri Chad, i N'Djamena, Tchad, itariki 6 z'ukwezi kwa 2, 2018.

Imigambwe 10 itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Chad, yari yashigikiye akamo k’amasendika yasaba imyiyerekano yarahagaritswe ikiringo c’amezi abiri, yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu no kugumura Abanyagihugu.

Iyo ngingo yafashwe kur’uyu wa gatatu n’umushikiranganji w’umutekano mur’ico gihugu, Ahmat Mahamat Bachir.

Kur’uyu wa kane, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ashigikiwe n’abahurikiye mu masendika, hamwe na bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bategekanya kugira “urugendo mu mahoro” ku murwa mukuru, urugendo bitiriye “umusi wa kane wo kugaragaza akababaro ".

Ingingo yafashwe n’ubutegetsi yasomwe no kuri Radiyo kur’uyu wa gatatu, irabuza urwo rugendo, nk’uko urundi nk'urwo mu kwezi kwa mbere itariki ya 25 rwabujijwe.

Kw’itariki ya 29 z’ukwezi kwa mbere, amasendika y'abakozi muri Chad yarafashe ingigo yo guhagarika akazi ku bakozi ba reta bishura ku ngingo yafashwe na reta yo kugabanya imishahara y’abakozi ba reta no kwongereza amatagisi atozwa ku mishahara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG