Uko wahagera

USA: Reta Yoba Igiye Kwongera Guhagarika Imirimo?


Perezida wa Reta zunze za Amerika Donald Trump mu nama n'abajejwe kwubahiriza amategeko, White House, Itariki 6, Ukwezi kwa kabiri, 2018.
Perezida wa Reta zunze za Amerika Donald Trump mu nama n'abajejwe kwubahiriza amategeko, White House, Itariki 6, Ukwezi kwa kabiri, 2018.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje kur’uyu wa kabiri ko yoshima ko reta ihagarika imirimo mu gihe Kongre yonanirwa kumvikana ku bibazo vy’abimukira.

Yagize ati: "Nimba tudashoboye guhindura amategeko, nimba tudashoboye gutorera inyishu y’abo bicanyi bemerewe kwinjira mu gihugu kandi n’ubu babandanya kwica, tutabihinduye, imirimo ya reta yotuma ihagaraga," Ivyo Trump yabibwiye abajejwe kwubahiriza amategeko mu biro vyiwe.

Ivyo Trump yabivuze mu gihe amafaranga yabaye arahabwa ibisata vyose vya reta aherana no ku musi wa kane, isaha zitandatu z’ijoro, inyuma y’aho hagati mu kwezi kwa mbere reta yari yahagaritse imirimo imisi itatu kumvo zo kutumvikana ku bibazo vy’abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG