Uko wahagera

Taiwani: Nyamugigima Yahitanye 2 Abarenga 200 Barakomereka


Abajejwe gutabara bagerageza kwinjira mw'igorofa yatemvye muri Komine ya Hualien, mu buseruko bwa Taiwan, kuwa gatatu, ukwezi kwa kabiri, itariki 7, 2018.
Abajejwe gutabara bagerageza kwinjira mw'igorofa yatemvye muri Komine ya Hualien, mu buseruko bwa Taiwan, kuwa gatatu, ukwezi kwa kabiri, itariki 7, 2018.

Abantu babiri nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye abandi barenga 200 barakomereka, inyuma ya nyamugigima ikomeye yahitanye inkengera za Taiwani, ivyo bishikirizwa n’abategetsi b’ico gihugu.

Iyo nyamugigima yo ku rugero rwa manyitide 6.4 yagaragaye mu gace kari ku birometero bishika 20 mu buraruko bw’iryo zinga.

Abatabara bakoresheje ingazi, imigozi hamwe n’ibiduga vyimba amabarabara kugira bakure abantu mu bibomoke vy’amagorofa yabomotse. Inyubakwa ziri muzabangamiwe harimwo ibitaro.

Amazu ashika ibihumbi 40 ntagira amazi kandi amabarabara hamwe n’ibiraro vyugawe.

Iyi nyamugigima ibaye mu gihe ico gihugu cibuka imyaka ibiri iheze iyindi nyamugigima nk’iyi ihitanye abantu 117.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG