Uko wahagera

USA Yoba Yimirije Kuganira na Koreya ya Ruguru?


Visi Perezida w'Amerika, Mike Pence mu kiganiro n'abategetsi b'intara ya Alaska, Kumusi wa mbere, itariki ya 5, 2018
Visi Perezida w'Amerika, Mike Pence mu kiganiro n'abategetsi b'intara ya Alaska, Kumusi wa mbere, itariki ya 5, 2018

Reta ya Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko ishobora kwemera ko haba ibiganiro hagati ya Visi-Perezida, Mike Pence n’abategesi ba Koreya ya ruguru mur’iyi ndwi, mu gihugu ca Korea y’Epfo.

Ku musi wa mbere igihe yari mu ntara ya Alaska, Pence yavuze ko ata nama wewe yasavye. Imbere y’aho, igihe Sekreteri wa Departement ya reta ya Amerika, Rex Tillerson, yari muri Peru, nawe nyene yari yishuye gurtyo, igihe abamenyeshamakuru bamubaza niba Pence ategekanya kubonana n’abategetsi ba Koreya ya ruguru.

Pence, yatangaje kur'uyu wa kabiri, imbere y’uko yurira indege ya gisirikare ya Amerika imujanye mu gihugu c’Ubuyapani, ko Perezida Trump yavuze ko ashigikiye ibiganiro. Yamara ngo n’ukurindira bakaraba ibizoshika, ngo kuko ivyari vyo vyose, ubutumwa yoshikiriza, budahinduka.

Yabwiye abamenyeshamakuru ko mu gihe yobonana n’umutegetsi uwariwe wese wa Koreya ya ruguru, azomubwira atarya umunwa ko Koreya ya ruguru, gitegerezwa guheba porograme yaco y’ibirwanisho ruhonyanganda.

Intumwa z’igihugu ca Koreya ya ruguru mw’ihiganwa mpuzamakungu z’abanonotsi, zizoba zirongowe n’umukuru w’igihugu w’icubahiro, Kim Yong Nam.

Urugendo rwa Pence muri iyo ntara rugfise umugambi wo gushikiriza ubutumwa bwo kubeshuza ibizoshikirizwa na Korea ya ruguru, mur’iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG