Uko wahagera

USA na Sudani y'Epfo Icuka si Ciza


Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu wa Sudani y'Epfo, Taban Deng Gai ashikiriza ijambo mu nama ya bose ya ONU igira 72 ku cicaro ca ONU.
Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu wa Sudani y'Epfo, Taban Deng Gai ashikiriza ijambo mu nama ya bose ya ONU igira 72 ku cicaro ca ONU.

Sudani y’Epfo yaratumyeko ambasaderi wayo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, inyuma y’aho mu ndwi iheze reta ya Trump ifatiye ico gihugu ibihano bikibuza kugura ibirwanisho.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Taban Deng Gai yatangaje ko iyo ngingo ya Reta zunze ubumwe z’Amerika izogira ingaruka mbi ku twigoro two kuronderera umuti mu mahoro intambara mu gihugu ciwe.

Impande zibiri zerwa n’intambara muri Sudani y’Epfo zarasinye amasezerano yo guhagarika intambara mu kwezi kwa cumi na kabiri, amasezerano yahonyanzwe n’izo mpande zibiri hatarenze imisi mike.

Icegera c’umukuru w’igihugu yagabishije ko iyo ngingo ya Amerika izoca intege reta ya Sudani y’Epfo. Yagiriza Amerika kuba yaragerageje gukoresha inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kur’iyo ngingo yo kugifatira ibihano ku birwanisho mu mwaka wa 2016.

Gai yavuze ko Ubushinwa n’Uburusiya vyiteguye gukingira reta yiwe mu nama ya ONU ijejwe umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG