Ibiziga 16 vy’abimukira vyararobwe ku musi wa gatandatu ku nkengera za Maroc ku muhora ugana muri Espanye aho abatari bake bamye bagerageza guca kuva mu ntango z’uyu mwaka utanguye.
Cumi na batanu (15) muri bo bamuka muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara, uwundi umwe ava muri Maroc, nkuko vyatangajwe kur’uyu w’Imana n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP.
Ibiharuro vya nyuma bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM vyerekana ko Espanye yabaye urwinjiriro rugira kabiri rw’abimukira bagana Uburayi aho kuva mu ntango z’uyu mwaka 1.279 aribo bahaciye mu gihe Ubutaliyabo buza imbere ahaciye 4.256.
Kubwa OIM, kuva mu ntango z’uyu mwaka abimukira 243 nibo bazimanganiye mw’ibahari canke bapfirayo, hatarimwo abo barobwe ku musi wa gatandatu.
Facebook Forum