Uko wahagera

Ibiziga 16 vy'Abimukira mu Mazi ya Maroc


Abakozi b'ishirahamwe Proactiva Open Arms, ryo muri Espanye bateruye ikiziga bakuye mu mazi ku nkengera za Libiya, Itariki 4, ukwezi kwa 10, 2016.
Abakozi b'ishirahamwe Proactiva Open Arms, ryo muri Espanye bateruye ikiziga bakuye mu mazi ku nkengera za Libiya, Itariki 4, ukwezi kwa 10, 2016.

Ibiziga 16 vy’abimukira vyararobwe ku musi wa gatandatu ku nkengera za Maroc ku muhora ugana muri Espanye aho abatari bake bamye bagerageza guca kuva mu ntango z’uyu mwaka utanguye.

Cumi na batanu (15) muri bo bamuka muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara, uwundi umwe ava muri Maroc, nkuko vyatangajwe kur’uyu w’Imana n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP.

Ibiharuro vya nyuma bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM vyerekana ko Espanye yabaye urwinjiriro rugira kabiri rw’abimukira bagana Uburayi aho kuva mu ntango z’uyu mwaka 1.279 aribo bahaciye mu gihe Ubutaliyabo buza imbere ahaciye 4.256.

Kubwa OIM, kuva mu ntango z’uyu mwaka abimukira 243 nibo bazimanganiye mw’ibahari canke bapfirayo, hatarimwo abo barobwe ku musi wa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG