Igihugu ca Costa Rica kur’uyu w’Imana catunganije amatora y’umukuru w’igihugu mushasha aho abakandida mu myiyamamazo bashimikiye cane ku kibazo c'ababana bahuza ibitsina kitumvikanwako kimwe mur'ico gihugu co muri Amerika yo hagati.
Abakandida 13 nibo bariko bahiganirwa kuzosubirira perezida Luis Guillermo Solis, ibwirizwa shingiro ritemerera ikindi kiringo ca kabiri, ariko uwutahukana intsinzi ntagaragara.
Mu gihe ata n’umwe yotsinda ku majwi 40 kw’ijana, babiri ba mbere bazoca bongera guhiganwa kw’itariki ya mbere y’ukwezi kwa kane.
Facebook Forum