Uko wahagera

Israheli Yahaye Abimukira Ivyete Bibategeka Gutaha


Imyigaragambyo y'abimukira b'Abanyafurika muri Israheli
Imyigaragambyo y'abimukira b'Abanyafurika muri Israheli

Abimukira baharurwa mu bihumbi bagwiriyemwo Abanyafrika baba muri Israheli, batangiye guhabwa ivyete bibasaba gutaha iwabo, atari uko bagatabwa mu mvuto.

Umwe mu bajejwe gutanga amakuru mu biro bishinzwe abinjira n’abasohoka muri Israheri, yavuze ko aberwa n’iyo ngingo ari abimukira barenza imyaka 18 badafise ivya ngombwa baharurwa mu 38,000.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busigura ko abapfasoni cyo kimwe n’abana batarakwiza imyaka 18 n’abavyeyi babo baterwa n’iyo ngingo. Muri rusangi, abana bari musi y’iyo myaka bagera ku 4,000 .

Leta ya Israheri mu ntango z’ukwa mbere yemereye amadorali 3,500 uwo wese ashaka guhunguka canke kuja mu kindi gihugu ku bushake bwiwe.

Ibihugu nk’u Rwanda n’Ubuganda vyemeye kwakira abimukira bari ku rutonde rw’ababwirizwa gutaha vyagirijwe kuba biriko bikora urudandazwa rw’abantu biciye mu masezerano rwihisha vyasinyiraniye na Israheri. Ivyagiriji ivyo bihugu vyompi vyamirira kure.

U Rwanda ruhakana ko rutigeze rusinya ayo masezerano.

Ibitigiri bitangwa n’ibiro bijejwe abinjira n’abasohoka muri Israheri vyerekana ko kuva mu ntango z’umwaka wa 2017, abimukira 4,012 badafise ivya ngombwa aribo bamaze gutahuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG