Uko wahagera

USA : Impanuka ya Gari ya Moshi Yahitanye 2 Ikomeretsa 70


Igipolisi co muri Leta ya Carolina y’epfo gitangaza ko abantu 2 aribo bahitanywe n’impanuka ya gari ya moshi zibiri zasekanye, abagera kuri 70 nabo barakomereka.

Imwe muri izo gari ya moshi yagize insanganya, yarimwo ingenzi 147 zariko ziva mu gisagara ca New York zigana igisagara ca Miami. Iyindi nayo yari itwaye ibidandazwa.

Iyo mpanuka ibaye inyuma y’imisi mike gari ya moshi yari itwaye bamwe mu ndongonzi zo mu mugambwe w’abarepublikani harimwo Paul Ryan, atwara inama nshingamateka ya Amerika, isekanye n’umuduga muri Reta ya Virginie.

Umuntu umwe niwe yahitanywe n’iryo nsanganya, batandatu bayikomerekeramwo.

Gari ya moshi zasekanye zose ni iza sosiyete ya Amtrak.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG