Uko wahagera

Ishirahamwe BUGESTAL mu Burundi Ryagabanyije Abakozi


Ishirahamwe rikorera mu gisata c’ikawa mu burundi BUGESTAL riherutse kugabanya abakozi ku rugero rwa 90 kw’ijana.

Bamwe muri abo bakozi bagabanijwe bahoze bakorera amatonorero yagurishijwe na leta.

Kiretse ko bidogera kudateguzwa bikwiye imbere yo kwirukanwa, abo bakozi bavuga ko amasezerano leta yagiraniye n’abaguze amatonorero atakurikijwe ku vyerekeye abakozi.

Abakozi baba 30 nibo bagabanijwe. Nka bose bakora ku matonorero y’ikawa yubatswe mu bice bitandukanye canecane mu ntara ya Ngozi.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BUGESTAL Prosper Merimee Bigirindavyi avuga ko habaye itunganywa rishasha ry’ishiramwe.

Uyo muyobozi atangaza ko bene imitahe basanze ari ngomwa kunagura ishirahamwe kugira rishobore kubandanya rihiganwa neza kw’isoko mpuzamakungu.

Muri iryo tunganywa gushasha ry’ishirahamwe, Bigirindavyi avuga ko hagiyemwo kugabanya abakozi asigura ko birekuwe n’amategeko. Anasigura ko iyo ndiganizo nshasha ifise n’ihangiro ryo kongereza akarushu kahora gahabwa umurimyi.

Umuyobozi mukuru w’ishiramwe BUGESTAL aremeza ko inama ya bose yakoranye, abakozi barasigurirwa umugambi wo kubagabanya n’abo bemeza ko baturumbukiwe.

Mu bagabanijwe, harimwo abahora bakorera amatonorero yahoze ari aya leta imbere yo kuyashira mu minwe y’abikorera utwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG