Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Abacukura Ubutare Bashika 1000 Bagotewe mu Kuzimu


Icukuriro bw'ubutari bw'inzahabu bw'i Doornkop, ku birometero 19 mu burengero bwa Johannesburg.
Icukuriro bw'ubutari bw'inzahabu bw'i Doornkop, ku birometero 19 mu burengero bwa Johannesburg.

Ibikorwa vyo gutabara vyari bikibandanya ku mugoroba wo kur’uyu wa kane ahacukurirwa ubutare mu gihugu ca Afrika y’epfo kugira barabe ko bodugana ku musozi abakozi bacukura ubutare bashika hafi igihumbi bari bamaze gushikana amasaha 24 bagotewe mu kuzimu kuko umuyagankuba wacitse.

Uwo muyagankuba waciwe n’umuturagaro ukomeye wabaye ku musi wa gatatu watumye ivyuma biduza abakozi bari mu kuzimu bihagarara gukora, mw’icukuriro ry’ubutare ry’ahitwa Beatrix, hafi y’igisagara ca Welkom, hagati mu gihugu. Abo bakozi bivugwa ko bagihema.

Amasanganya nk’ayo mu macukuriro y’ubutari arakunda kuba muri Afrika y’epfo, igihugu ca mbere kw’isi gifise amacukuriro maremare uja mu kuzimu. Mu mwaka wa 2015, abakozi 77 barahasize ubuzima, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe ryo mur’ico gihugu rijejwe ibijanye n’ubutare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG