Uko wahagera

FBI na Perezida Trump Ntibavuga Rumwe ku Burusiya


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, ntavuga rumwe n’ibiro vy’inyamiramabi FBI hamwe n’ubushikiranganji bwiwe bujejwe ubutungane. Barajya impari ku vyerekeye ingingo yo gushira ahabona inzandiko zirega abategetsi bo mur’ivyo biro ko bama barondeye kwegeka amakosa kuri Perezida Trump.

Izo nzandiko ziswe: “Nunes Memo” zitiriwe umushingamateka w’umurepublika yazegeranije mu ndwi ziheze. Abakurikirira bugufi bavuga ko zirimwo amakuru y’ido n'ido yerekeye ukuntu ubushikiranganji bujejwe ubutungane bwakoze ibishobotse vyose kugira ngo buronke uburenganzira buhawe na sentare nkuru y’igihugu, bwo kwumviriza no gukwikirikana mu mpisho ibikorwa vyose vya Trump mu gihe co kwiyamamaza, imbere y’amatora mu mwaka w’2016.

Ubwo burenganzira bwari bwerekeye cane cane kwumviriza ibiganiro abategetsi bari bajejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza vya Trump bagiranye n’Abarusiya bariko bakorera reta yabo.

Perezida Trump avuga ko ashaka kw’izo nzandiko zija ahabona. Bitegekanijwe ko Perezidansi ya Amerika ishira ahabona izo nzandiko uyu musi ku wa kane. Yamara ibiro vy’inyamimabi FBI, birongowe na Christopher Wray, yagenywe na Prezida Trump, vyatangaje ko bitewe amakenga n’uwo mugambi.

Mu nama umushingantahe Wray hamwe n’icegera c’umushikiranganji w'ubutungane w'Amerika, Rod Rosenstein, bagize n’umutegetsi w'ibiro vya Perezida w'Amerika John Kelly, abo bategetsi bombi baramuteye akamo gasaba ko Perezida Trump adashira ahabona izo nzandiko.

Ejo ku musi wa gatatu, umushingamateka mukuru w'umudemokarate mu murwi ujejwe iperereza muri Kongere, Adam Schiff, yavuze kw’abashingamateka b’abarepublika bari muri uyo murwi bahindaguye izo nzandiko imbere yo kuzirungika muri Perezidansi, aho kurungika inzandiko zari zeretswe abashingamateka bose. Umushingamateka Adam Schiff aserukira reta ya California.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG