Uko wahagera

Perezida Donald Trump Yashikirije Ijambo Abanyamerika n'Amakungu


Perezida w'Amerika Donald Trump ashikiriza Ijambo Abanyamerika
Perezida w'Amerika Donald Trump ashikiriza Ijambo Abanyamerika

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yashikirije Abanyamerika n’amakungu ijambo rya mbere bita “State of the Union Address” kuva ashikiriye ubutegetsi.

Mur’iri jambo ibikomeye yashimikiyeko vyerekeye ubutunzi, asaba abanyeporotike ku mpande zose gukorera hamwe ku bibazo vy’abimukira.

Trump yavuze kuvyo yakoze mu vyo yemereye Abanyamerika mu bihe yiyamamariza kurongora igihugu yongera yemerera Abanyeporitike mu migambwe yose, abademokrate n’abarepublikane ko yiteguye gukorana nabo kugira bakore ibirenze ibimaze gukorwa.

Ibikuru bikuru yashimikiyeko yagize ati: "Twese hamwe, turiko twubakira hamwe Amerika IRANGWAMWO UMUTEKANO, IKOMEYE kandi YISHIMIRA UKO IHAGAZE.

Twipfuza ko Umunyamerika wese amenya agateka ahabwa no kumara umusi wose akora cane; Twipfuza ko umwana wese atekanirwa mw’ijoro aho ari mu rugo abamwo, kandi twipfuza ko Umunyamerika wese anezerererwa n’iki gihugu dukunda."

Ku bijanye n’amatagisi yagize ati:

Nkuko navyemereye Abanyamerika mpagaze aha nyene ndi haraheze amezi 11, twarakoze ibikomeye mu kugabanya amatagisi turakora impinduka zitazibagirwa muri kahise ka reta zunze ubumwe z’Amerika.

Ayo matagisi twagabanije arafasha imiryango ibayeho ubuzima bubayabaye hamwe n’amashirahamwe mato mato.

Kuvyerekeye gukorera hamwe n’ibindi bihugu ku bijanye n’urudandazwa

Yavuze ko Amerika yarasezereye ibihe vyaranzwe n’amasezerano atungukira twese mu guhanahana ibidandazwa, ivyatumye ubutunzi bwacu twabiriye akuya bunyagwa, amashirahamwe, ubuzi hamwe n’ubutunzi bw’igihugu cacu bitwarwa hanze.

Abimukira ntiyibagiye kugira ico abavuzeko: "Imiryango ibayeho ubuzima butoroshe, cane cane imiryango y’abimukira, bazofashwa n’amategeko abega twashizeho ashimikiye ku nyungu z’abakozi b’abanyamerika hamwe n’imiryango y’Abanyamerika".

Yabandanije ati: "Kur’uyu mugoroba, ndamenyesheje ko niteguye gukorana n’impande zose za poritike, Abademokrate n’Abarepublikane, mu gukingira abanyagihugu, tutaravye iyo baje bava, urukoba rwabo n’ivyo bemera".

Mugihe Twubaka Amerika Ikomeye aha mu gihugu, turiko kandi turagarukana inkomezi n’igihagararo twari dufise mu makungu.

Kw’iteraboba yavuze ati: Mu mwaka uheze, nemeye ko tuzokorana n’ibihugu dushize hamwe duhanagura umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu kw’isi. Inyuma y’umwaka rera, Ndanezerejwe nuko urunani rw’ibihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG