Uko wahagera

Andrew McCabe Umutegetsi muri FBI Yikuye mu Mabanga


Andrew McCabe icegera c'umuyobozi wa FBI yishura ibibazo imbere ya sena y'Amerika i Washington. Itariki ya 23 y'ukwezi kwa 12, 2017

Icegera c’umuyobozi w’ibiro FBI bijejwe gutohoza ivyaha muri Reta zunze ubumwe z’Amerika Andrew McCabe yatangaje kur’uyu wa mbere ko avuye mur’ayo mabanga.

Hari haheze amezi atari make McCabe atabonwa neza na Perezida Donald Trump kandi yaracurwa ko yari uwuzova mur'ayo mabanga.

Uwo mutegetsi akomeye mu giporisi c’Amerika w’imyaka 49 y’amavuko, yatanguye kwidogerwa na perezida Trump hamwe n’indongozi zo mu mugambwe w’Abarepublikani, kuva mu mwaka wa 2016 bamwagiriza kuba ahengamiye ku mugambwe w'abademokrate.

Ariko ibiro White House vy’umukuru w’igihugu vyashikirije ko ata ruhara na rumwe bifise kur’iyo ngingo yiwe yo kuva mur’ayo mabanga yo kurongora igiporisi c’Amerika.

McCabe ariko azoguma ari umukozi wa FBI gushika mu kwezi kwa gatatu ku mvo zijanye n’ugutunganya ivy'intwaro muri FBI, nkuko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP.

Donald Trump asa n’uwuta ishavu kuri McCabe ku matohoza agamije kumenya nimba vy'ukuri akagwi kamufashije mu bikorwa vyo kwiyamamariza amatora yo mu 2016 karagiranye imibonano n’Abarusiya kugira ivyayavuyemwo bibe uko vyagenze.

Trump amwagiriza kandi kuba ari umugenzi wa James Comey yahoze arongoye FBI, nawe nyene yirukanwe mur'ayo mabanga kubw'ayo matohoza ku Burusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG