Uko wahagera

AU iragabisha Ababangamiye Amahoro muri Sudani y'Epfo


Abayobozi bari mu nama y'umuryango w'ubumwe bw'Afurika Addis Abeba muri Etiyopiya
Abayobozi bari mu nama y'umuryango w'ubumwe bw'Afurika Addis Abeba muri Etiyopiya

Umukuru arongoye Komisiyo y’Ubumwe bw’Afurika, Moussa Faki yatangaje kur’uyu w’Imana ko igihe kigeze co gufatira ibihano abagaragara ko ari intambamyi mu mugambi w’amahoro muri Sudani y’Ubumanuko.

Ico ciyumviro gishigikiwe kandi n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres aho yavuze ko ONU izoshigikira ingingo zose zizofatwa n’uwo muryango kur’ico kibazo.

Moussa Faki, mw’ijambo ryugurura iyo nama igira 30 y’ubumwe bwa Afurika iriko ibera Addis Abeba, ku murwa mukuru wa Etiyopiya yashikirije kur’uyu w’Imana ko ubwicanyi butagira izina bumaze guhitana ibihumbi vy’abantu bukwiye guhagarara.

Perezida Salva Kiir wa Sudani y’epfo, nawe nyene yari mur’iyo nama, abicishije ku mushikiranganji wiwe ajejwe gukurikirana umugambi w’amahoro yavuze ko ibihano vyofatirwa ico gihugu koba ari akarenganyo kuko ngo amakuru amakungu akorerako adahuye n’ibiba mu gihugu ciwe.

Ku musi wa gatatu, Reta zunze ubumwe z’Amerika yasavye ONU gufatira ico gihugu ibihano vyo kukizibirira imihora y’ibirwanisho.

Intambara y’abenegihugu imaze gutuma abashika imiliyoni zine bata ingo zabo, zituma kandi igihugu cinjira mu bihe vy’ubukene n'inzara y’akataraboneka kandi abakurikiranira hafi ibibera mur’ico gihugu bavyegeka ku bategetsi baco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG