Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yiyamirije ivyatangajwe n’ibinyamakuru New York Times na Washington Post vy'uko yashatse kwirukana umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze.
Yamara Perezida rump yarahesheje igihe umuhanuzi wiwe mu vy’amategeko agabishije kuva mu mabanga yiwe. Perezida Trump ari mu gisagara ca Davos, mu gihugu c’Ubusuwisi mur’iki gihe mu nama ku butunzi kw’isi. Amenyesha kw’ivyatangajwe n’ivyo binyamakuru bibiri ari amakuru y’ibinyoma.
Robert Mueller ariko atohoza ivyagirizo vy'uko nimba abari bajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Trump barakoranye n’Uburusiya mu ntumbero y’ukwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’i 2016 muri Amerika. Ariko kandi atohoza nimba abategetsi bo mu ngoro kwa Perezida Trump barajuragije ubutugane.
Perezida Trump aguma avuga kw’atagukorana kwigeze kuba n’Uburusiya mu ntumbero y’ukumufasha gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu.
Facebook Forum