Uko wahagera

Ibarabara Rizitirirwa Umunyafrika i New York


Emmanuel Mensah. yahoze mu gisirikare c'Amerika w'imyaka 28, yitaye mu muriro atabara abantu i New York City.
Emmanuel Mensah. yahoze mu gisirikare c'Amerika w'imyaka 28, yitaye mu muriro atabara abantu i New York City.

Ibabara riri mu gisagara ca New York, muri reta zunze ubumwe z'Amerika mu gacimbiri ka Bronx rigiye kwitirirwa umunyeGhana yar’ afise ubwenegihugu bwa Amerika.

Uwo yitavye Imana kw’itariki 13 y’uku kwezi kwa mbere 2018, ariko aratabara abantu batewe n’umuriro waturiye inzu zibamwo abantu mu kigwati ca Belmont.

Emmanuel Mensah yar’ asanzwe ari mu gisirikare ca Amerika, yari yatashe mu karuhuko k’akazi, igihe uwo muriro waduka mu nyubakwa yabamwo.

Mensah yar’afise 28, yabaye umwe mu bandi 13 bahasize ubuzima. Yitavye Imana amaze kurokora abantu bane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG