Uko wahagera

Trump Agabisha Guhagarika Imfashanyo kuri Palestina


Perezida Donald Trump abonana n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu i Davos, Itariki 25, ukwezi kwa mbere, 2018.
Perezida Donald Trump abonana n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu i Davos, Itariki 25, ukwezi kwa mbere, 2018.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump aribaza nimba ibiganiro bigamije kugarukana amahoro hagati ya Isirayeli na Palestina bizongera kuba.

Ivyo Trump yabivuze igihe yariko arabonana n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, mu nama mpuzamakungu ku butunzi i Davos, mu Busuwisi.

Yagirije Abanyepalestina kudasonera Reta zunze ubumwe z’Amerika inyuma y’aho Perezida wa palestina Mahmoud Abbas yankiye kwakira icegera ca mbere ca Perezida Mike Pence igihe yari mu rugendo mur’ako karere.

Trump kur’uyu wa kane yavuze ko azohagarika imfashanyo Amerika iha Abanyepalestina. Yagize ati: "Amafaranga ari ku meza kandi ntaho azoja kiretse bemeye kwicara bakumvikana amahoro. Ivyo yabibwiye abamenyeshamakuru I Davos.

Yongeye ati" Kuko ndazi ko Isirayeli yipfuza amahoro, bazokwemera guhitamwo amahoro atar’uko natwe ntaco tuzokwongera kubakorera."

Amakuru ava muri Deparotema ya reta y’Amerika, Amerika yatanze imiriyoni zirenga 290 z’amadolari y’imfashanyo ku ntara ya Cisjordaniya na Gaza mu mwaka wa 2016. Haruhande y’ayo, Washington yaterereye igisata ca ONU cita ku banyepalestina, kizwi nka UNRWA imiliyoni 355 z’amadolari.

Ariko uyu mwaka yaragabanije cane iyi ntererano gushika ku miliyoni 60 z’amadolari gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG