Uko wahagera

Perezida Trump Ariteguye Kubazwa n'Ubutungane


Perezida Donald Trump asezera asohotse ibiro White House i Washington, yerekeza mu nama i Davos mu Busuwisi, ukwezi kwa mbere, itariki 24, 2018.
Perezida Donald Trump asezera asohotse ibiro White House i Washington, yerekeza mu nama i Davos mu Busuwisi, ukwezi kwa mbere, itariki 24, 2018.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje ko yiteguriye kwishura ibibazo vy’umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller abanje kurahira kw’avugisha ukuri. Yiteguriye kwishura ibibazo bijanye n’itohoza Mueller ariko agira ku vyuko nimba Uburusiya bwarivanze mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’i 2016 muri Amerika.

Prezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu ko yipfuza kwishura ivyo bibazo mu buryo bwihuta bushoboka, kandi kw’azobigira abanje kurahira kw’avugisha ukuri.

Umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller
Umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller

Prezida Trump yasubiye kuvuga kw’atakoranye n’Uburusiya mu ntumbero y’ukumufasha gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’i 2016.

Italiki y’ukwishura ibibazo vya Robert Mueller ntirategekanywa. Yamara Prezida Trump yatangaje ko bishobora kuba mu ndwi zibiri canke zitatu zir’imbere.

Mueller ariteguriye kubaza ibibazo Prezida Trump ku ngingo yiwe y’ukwirukana mu mwaka uheze umuyobozi w’ibiro bijejwe gutohoza ivyaha, James Comey. Comey yar’ayoboye itohoza ku gihugu c’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG