Uko wahagera

USA: Ikibazo ca Dreamers Coba Kigiye Kudadanuka


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje ko ata ntambamyi, agiye kuzoha ubwenegihugu abana b’abimukira biswe "Dreamers" bazanwe muri Amerika n’abavyeyi bidaciye mu nzira zemewe n’amategeko.

Yagize ati "Tugiye kuvyiyumvirako. Kandi bizoba igihe kanaka muri kazoza, nko mu kiringo kiri hagati y’imyaka 10 na 12”. Ivyo yabibwiye abamenyeshamakuru mu biro vyiwe White House kur’uyu wa gatatu, ariko aritegura gufata indege imushikana i Davos mu Busuwisi mu nama mpuzamakungu yerekeye ivy’ubutunzi

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Senateri Lindsey Graham, arongoye umurwi w’abasenateri b’Abarepublikani yagize uruhara mu nteguro y’iryo tegeko afatanije na Dick Durbin, umudemokrate ntiyatevye guca avuga ko uwo muhango bemerewe na Trump uzotuma batorera umuti ikibazo kitoroshe."

Perezida Trump yavuze kandi ko nawe yipfuza guca ahabwa imiriyaridi 25 z’amadorari yo kwubaka uruhome rw’ibirometero 3200 ku rubibe Reta zunze ubumwe z’Amerika ihana na Mexique.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG