Uko wahagera

Amatora ya Perezida muri Zimbabwe ni Imbere y'Ukwezi kwa Ndwi


Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, mu nama mpuzamakungu y'Ubutunzi i Davos, mu Busuwisi, Ukwezi kwa mbere, itariki 23, 2018.

Amatora y’umukuru w’igihugu n’ay'abashingamateka ategekanijwe mur’uyu mwaka muri Zimbabwe abwirizwa gutunganywa imbere y’ukwezi kwa ndwi.

Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa gatatu n’umukuru w’igihugu mushasha w’ico gihugu, Emmerson Mnangagwa aho ari mu nama yerekeye ivy’ubutunzi mpuzamakungu mu gisagara ca Davos, mu Busuwisi.

Yagize ati: "Mu kwezi kuza, nzotangaza itariki y’amatora. Sinibaza ko azoba mu kwezi kwa ndwi, azoba imbere y’aho.” Yongeye ati: "Ubu igihugu ca Zimbabwe kiruguruye kandi vyose bikorerwa ahabona ", Twipfuza amatora atawo akumira, aciye mu kuri kandi atarimwo ubwicanyi ". "Nitwatsindwa, ivyacu bizoba birangiye. Umugambwe uzotsinda niwo uzotwara.

Amatora yabaye muri kahise muri Zimbabwe ku ntwaro ya Mugabe yamye abamwo ubusuma n’imigumuko. Mu mwaka wa 2008, umukuru w’abatavugarumwe na reta, Morgan Tsvangirai, yabaye uwa mbere mu gice ca mbere c’amatora, ariko yaciye akurwa mw’ihiganwa ahowe ko abanywanyi biwe bateye imigumuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG