Umuhanuzi mu vy’umutekano w’igihugu muri Amerika, HR McMaster, yavuze ko Perezida Donald Trump azogiranira umubonano na Paul Kagame w'u Rwanda Paul Kagame mu mpera z'iyi ndwi. Ni mu rwego rwo kuba Kagame ari we uzaba umuyobozi w'Umuryango w'Afurika yunze ubumwe.
Abo bategetsi bose bazoba bari mu nama mpuzamakungu yerekeye ubutunzi izobera mu gisagara ca Davos mu Busuwisi.
Perezida Trump azobonana n'abandi bategetsi barimo perezida w'ubusuwisi Alain Berset, abashikiranganji ba mbere Thereza May w'Ubwongereza na Benjamin Netanyahu wa Isirayeli n'abanyemari batandukanye.
Intumwa z'Amerika ziri i Davos ziyobowe n'umushikiranganji w'imari Steven Mnuchin. Perezida Trump azoshikiriza ijambo ku musi wa gatanu.
Facebook Forum