Uko wahagera

Perezida Lourenco wa Angola mu Rugamba rw'Igiturire


Perezida Joao Lourenco agirana ikiganiro n'abanyamakuru akimara gutorwa.
Perezida Joao Lourenco agirana ikiganiro n'abanyamakuru akimara gutorwa.

Kuva ashikiriye amabanga yo kurongora Angola mu mezi ane aheze, Perezida mushasha aramaze gufata ingingo zikomeye avuga ko zijanye n’ibintu yemereye abanyagihugu mu gihe co kwiyamamaza. Ivyo birimwo gutuza ruswa yamunze igihugu.

Mu kwezi kwa 12 Perezida Joao Lourenco yarakuye Isabel dos Santos, umukobwa mukuru wa Jose Eduardo dos Santos yahoze atwara Angola. Uwo yari umukuru w’ishirahamwe ry’igihugu rijejwe ibitoro.

Vyongeye mu ntango z’uku kwezi, yarakuye Jose Filomeno dos Santos mu mabanga yari ajejwe yo kurongora ikigega c’igihugu gifise umutungo w’amadolari y’Abanyamerika angana na biliyoni zitanu.

Izo ngingo zose zifise umugambi wo kuzamura ubutunzi muri ico gihugu gitunzwe n’ibitoro hamwe n’imitahe y’abanyamahanga.

Yamara nk’uko umuhinga akwirikiranira hafi ibintu, Alex Vines, abivuga umuryango wa dos Santos wari witeze kw’ingingo nk’izo zifatwa. Yamara ngo ikintu uyo muryango utari uzi ni ubwihute zafatanywe.

Ivyo ni navyo vyatumye, Perezida Joao Lourenco ahabwa agatazirano “Terminator” ka ya sinema y’umukinyi w’amasinema kirangiranwa w'umunyamerika, Shwarzenegger.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG