Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yateye igikumu ku nteguro y’itegeko risubira kwugurura reta ingingo irangije imisi itatu, reta yari imaze yugaye. Ivyo vyavuye ahanini ku mpari zihagaze ku kibazo c’abimukira.
Ejo ku musi wa mbere ku mugoroba, ni ho abashingamateka batora iyo nteguro y’itegeko, yari yatowe n’urwego rw’abakenguzamateka imbere y’aho.
Iyo ngingo yumvikanyweko yo kubandanya guha Reta ya Amerika umutahe izorangira kw’igenekerezo ry’8 ry’ukwezi kwa kabiri, irahaye rero Kongere ya Amerika, akanya ko gusubira kwihweza hamwe no kwumvikana ku mutahe Reta izokoresha.
Aho iyo ngingo ifatiwe, Perezida Trump yaciye yandika kuri Twitter, avuga kw’inyuma y’aho Abarepublika batahukaniye intsinzi mur’izo mpari, ubu hageze kw’impande zose zitsinda ku bindi bibazo vyose bisigaye.
Prezidense ya Amerika ivuga kw’Abademokrate bagondojwe inyuma y’aho Trump yankiye kuganira nabo ku vyerekeye ibibazo vy’abimukira, batabangaje kwemera kwugurura reta.
Abademokrate bari barahiye bararengwa ko batazokwemera kwugurura Reta, badahawe icemezo kibona kivuga kw’ ikibazo c’abimukira ibihumbi 700 b’imiyabaga. Abo bazanywe muri Amerika mu buryo buteye kubiri n’amategeko bakiri abana kibanza gushikirizwa.
Facebook Forum