Uko wahagera

Papa Faransisiko Yasavye Imbabazi ku Majambo Yavuze


Papa Fransisiko yishura ku bibazo vy'abamenyeshamakuru atahutse i Rome mu Butaliyano, Ukwezi kwa mbere, itariki 21, 2018.
Papa Fransisiko yishura ku bibazo vy'abamenyeshamakuru atahutse i Rome mu Butaliyano, Ukwezi kwa mbere, itariki 21, 2018.

Papa Fransisiko yasavye imbabazi kuri uyu wa mbere inyuma y’amajambo yavuze yo gukingira ikibaba umwepiskopi wo muri Chili yagirizwa ubusambanyi.

Mu gihe yari mu ndege atahuka i Rome inyuma y’urugendo yari amazemwo indwi muri Chili na Peru, Papa yabwiye abamenyeshamakuru ko amajambo yavuze mu kwishura ikibazo cyabajijwe ku vyagirizwa Umwepiskopi Juan Barros mu ndwi iheze yakomerekeje benshi.

Mu ndwi iheze, Papa Fransisiko yishuye umunyamakuru ati: “Umusi muzonzanira ivyemezo ku vyo mwagiriza Umwepiskopi Barros, nzogira ico mvuze. Ubu nta na kimwe kimwagiriza. Birumvikana?''

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG