Uko wahagera

Perezida Trump Yemeje Ko Imirimo ya Reta Yongera Gukorwa


Perezida Donald Trump mu biro White House asinya itegeko risubiramwo amatagisi, i Washington, ukwezi kwa 12 itariki 22, 2017.
Perezida Donald Trump mu biro White House asinya itegeko risubiramwo amatagisi, i Washington, ukwezi kwa 12 itariki 22, 2017.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yateye umukono ku mugoroba wo kur'uyu wa mbere kw’itegeko ryongera guha amafaraga reta, inyuma y’imisi itatu ibikorwa vya reta vyari bimaze vyahagaze bivanye no kutumvikana ku kibazo c’abimukira.

Inyuma y’aho sena iryemereje inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa mbere, inama nshingamateka nayo yaciye yemeza iyo nteguro y’itegeko riha amafaranga reta.

Mu vyo bumvikanye ni ukureka reta ikabandanya ihabwa amafaranga gushika mu kwezi kwa kabiri itariki 8, bizigiye ko abashingamateka bazoba bashitse ku mwumvikano kuvyo badahurizako, aho reta izoca ihabwa amafaranga y'igihe kirekire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG