Uko wahagera

Igitero kuri Hoteri Cahitanye Abantu 43


Hoteri Intercontinental yagabweho igitero i Kabul muri Afuganisitani
Hoteri Intercontinental yagabweho igitero i Kabul muri Afuganisitani

Igipolisi ca reta ya Afuganisitani caraye gihagaritse igitero cariko kiragigwa n’abagizi ba nabi kw’ihoteri Intercontinental mu gisagara ca Kabul. Iryo tana mu mitwe ryahitanye abantu benshi harimwo n’abanyamahanga 14.

Abamenyeshamakuru bagiye aho ico gitero cabereye, bavuga ko babonye ibiziga vy’abantu botari boke muri iyo nyubakwa. Ikinyamakuru Tolo News cambere kinini mu gihugu, kikaba gifise televiziyo, kivuga kw’inzego z’umutekano zatangaje ko hapfuye abantu 43.

Indege ya Kam Air itangaza ko yahaburiye abakozi bayo 10. Muri bo harimwo abadereva b’indege batanu. Mu bakozi bayo bitavye umuremyi, babiri baturuka muri Venezuela, batandatu bava muri Ukraine.

Ico gitero camaze amasaha cumi n’ane. Abo bagizi ba nabi bagera kuri batandatu, bamwe bahavuye bituritsako amabombe abandi baraswa n’igipolisi ca Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG