Uko wahagera

USA: Reta Ishobora Kwongera Gufungura Kur'uyu wa Mbere


Senateri arongoye Abakenguzamateka b'Abarepublikani, Mitch McConnell, mu ngoro y'inama nshingamateka, ukwezi kwa mbere, italilki 21, 2018, i Washington.
Senateri arongoye Abakenguzamateka b'Abarepublikani, Mitch McConnell, mu ngoro y'inama nshingamateka, ukwezi kwa mbere, italilki 21, 2018, i Washington.

Senateri Mitch McConnell arongoye umurwi w’abashingamateka b’Abarepublikani mu nama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yashikirije ko kur’uyu wa mbere igihe c’isaha zitandatu z’umutaga bazotora itegeko ryongera kwugurura ibikorwa vya Reta y’Amerika vyahagaze ku musi wa gatanu.

Abashingamateka bazemeza guha amafaranga reta izoba irakoresha mu ndwi zitatu ziri imbere mugihe bazoba bakiriko barabandanya ibiganiro.

Abarongoye imirwi yose mur’iyo nama nshingamateka hamwe n’abashingamateka bo mu mpande zibiri kur’uyu w’Imana bawumaze mu mibonano kugira barondere inzira yo gukemura iikibazo gikomeye cerekeye abimukira ari naco gikuru mu vyatumye ibikorwa vya reta bihagarara.

Gushika ubu, ntibiramenyekana neza intambwe ivyo biganiro bimaze gushikako. Kugeza ubu ibikorwa vya reta biracahagaze kiretse ibisata nkoramutina bimwe bimwe nk’ibijanye n’umutekano w’igihugu n’ibindi vyemerewe kubandanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG