Uko wahagera

Igisirikare Cabohoje Ihoteri i Kabul


Abasirikare ba reta bameze magabo mu gihe ihoteri yariko ivamwo umwotsi, mu kwezi kwa mbere, italiki 21, 2018, inyuma y'igitero i Kabul, Afghanistani.
Abasirikare ba reta bameze magabo mu gihe ihoteri yariko ivamwo umwotsi, mu kwezi kwa mbere, italiki 21, 2018, inyuma y'igitero i Kabul, Afghanistani.

Abasirikare ba reta ya Afghanistani kur’uyu w’Imana babohoje ihoteri mpuzamakungu ku murwa mukuru Kabul yari yafashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, ahasize ubuzima abatari bake barimwo abanyamahanga 14.

Ico gitero catanguye ku musi wa gatandatu ku murwa mukuru wa Afughanistani.

Umumenyeshamakuru wo muri Afghanistani yashitse ahabereye ico gitero kur’uyu w’Imana yatangaje ko yabonye ibiziga bitari bike mur’iyo hoteli. Televiziyo TOLOnews, yo mur’ico gihugu yatangaje ko abantu bashika 43 bapfuye.

Ikompanyi y’indege KAM yo muri Afughanistani ivuga ko 10 mu bakozi bayo bapfuye mur’ico gitero harimwo abadereva 5. AbanyaVenezuela 2 hamwe n’AbanyaUkraine 6 bari mu bapfuye.

Iyo mirwano yamaze amasaha 14 yasizemwo ubuzima abarwanyi 6 bivugwa ko boba bariturikijeko ibisasu canke boba barashwe n’abasirikare ba reta.

Umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Nasrat Rahimi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko umurwanyi wa nyuma yiturikijeko igisasu imbere y’isaha zitandatu z'umuhingamo kur’uyu w’Imana, aca aturira igorofa ya gatandatu yari yinyegejemwo.

Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yaneguye ico gitero kandi arahoza imiryango yabuze ababo.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG