Uko wahagera

Umwaka Udasanzwe wa Trump k'Ubutegetsi


Perezida Donald Trump
Perezida Donald Trump

Kuri uyu wa gatandatu, italike 20 z’ukwezi kwa mbere, Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe za Amerika yakwije umwaka ari ku butegetsi.

N’umwaka udasanzwe mu vy’intwaro mu mateka ya Reta zunze Ubumwe za Amerika. Biraboneka kandi ko n’uyu mwaka w’2018 ariko bizomera.

Ku bwa Trump, umukuru w’igihugu agira 45 atwaye Amerika, n’umwaka yatanguranye inguvu n’ishaka.

Arahira Trump yagize ati “Kuva uyu munsi, ntakindi atari Amerika gusa. Amerika yacu abariyo dushira imbere yonyene.”

Umukuru w’igihugu Trump yihutiye gukuraho ingingo zimwe zimwe zo ku butegetsi bwa Perezida Barack Obama.

Intsinzi ikomeye kuri we, n’uko integuro y’ itegeko ritoroshe ryo kugabanya amakori ryatowe rikongera rikemezwa mu kwezi kwa cumi na kabili guheze, inyuma y’amezi 11 ashikiriye ubutegetsi.

Kubona iryo itegeko ryaratowe, bishobora gufasha Abarepublikani mu matora y’abashingamateka ategekanijwe uyu mwaka. Ivyo bivugwa n’umuhinga John Fortier.

“Abarepublikani barashoboye kuronka integuro y’itegeko mu vy’ubutunzi mu kwezi guheze, si ibisanzwe mu vyerekeye amakori n’amatagisi. Vyabaye nk’intsinzi ikomeye kuri bo, kuko n’igikorwa cabasubije ku murongo mwiza”.

Umwaka wa mbere w’ubutegetsi bwa Trump warabayemwo n’amananiza hamwe n’inzitizi zitari nke.

Hakiyongerako rero amajambo yabonetse nk’ibitutsi yavuzwe na Trump kuri Haiti n’ibihugu vya Afrika.

Ivyo vyatumye abademokrate batari bake agashavu kaduga. Abo, barimwo umukenguzamateka Cory Booker.

“Ayo majambo ntiyabaye ayasunitswe n’impwemu, ahubwo yarimwo ubumara bw’ishavu. Yaje nk’uburozi kandi yerekana urwanko n’inzigo y’akazikira mu gihugu cacu.”

Ubuyobozi butavugwako rumwe na bose bwa Trump, burabandanya kugira ingaruka mbi ku cizere abanyamerika bari bamufitiye naho ubutunzi bwobwo bwifashe neza. Vyemezwa n’umuhinga John Hudak.

“Nibaza ko abantu barabira ku bintu vyinsi uretse ubutunzi, ivyo navyo vyerekana ko ukumwizera kubandanya kuba guke cane”.

Icizere gike abanyagihugu bafitiye Trump gishobora gutuma uruhande rw’abademokrate ruterimbere mu matora y’abashingamateka yo mu kwezi kwa 11 nkuko bivugwa n’umuhinga Larry Sabato.

“Iyo haje umukuba w’amazi, amazi ahitana bose baba abiyumvamwo uwo mukuru w’igihugu yankwa hamwe n’abataho bahengamiye”.

Muri uyu mwaka w’2018, Trump yizeye ko kubera ubutunzi buguma bwisununura bizotuma abanyagihugu bamuhindukirira bakamuha icizere.

Yamara, ibitutu vy’uko umugambwe wiwe ushobora gutsindwa muri ayo matora y’abashingamateka hamwe n’amatohoza adahera y’uko yoba yaracuditse n’Uburusiya mu myiyamamazo, bishobora gutuma umwaka ugira kabiri wa Trump ku butegetsi ugora kurusha uwambere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG