Uko wahagera

USA: Reta Ishobora Guhabwa Amafaranga Azoba Arayimaza Ukwezi


Umukuru w'inama nshingamateka y'Amerika Paul Ryan, hagati, bariko baja gutora itegeko.

Abashingamateka ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bemeje kur’uyu wa kane itegeko riha ivy'agateganyo amafaranga reta mu kiringo c’ukwezi kugira ibikorwa vya reta ntibihagarare.

Sena y’Amerika nayo itegerezwa kwemeza iryo tegeko imbere y’isaha zitandatu z’ijoro kur’uyu wa gatanu kugira reta ntihagarare, ariko Abarepublikane baracakekeranya ko bashobora kudakwiza amajwi 60 kw’ijana akenewe kugira ryemezwe.

Abarepublikane biganziye inama nshingamateka na Sena bemeje ko ico kiringo c’ukwezi kizotuma igisirikare kironka amafaranga yo gukora imirimo yaco, nayo Abademokrate bavyemeye ar'uko bemerewe ko porogarama yo kuvuza abana bavuka ku bavyeyi bakenye ihabwa ayandi mafaranga y’imyaka itandatu.

Kiretse abo bana bongewe amafaranga yo kubavura, Abademokrate kandi basaba ko abana ibihumbi 690 bazanywe n’abavyeyi bataciye mu nzira zisabwa n’amategeko babandanya baba muri Amerika nkuko vyemejwe na perezida Obama yahoze atwara igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG