Umunyapolitike akomeye yahoze arongoye abatavuga rumwe na reta ya Zimbabwe, Roy Bennett, ku musi wa gatatu niho yapfa n’umugore wiwe hamwe n’abandi bantu batatu bari kumwe inyuma y'aho indege ya kajugujugu barimwo yakorotse muri reta ya New Mexico muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.
Igipolisi kivuga ko iyo kajugujugu yakorokeye mu misozi ihanamye mu buraruko bw’iyo reta, hafi y’urubibe na reta ya Colorado.
Bennett umuzungu w’imyaka 60 y’amavuko yakundwa cane n’abirabure b’Abanyazimbabwe, yari umunyabigega mukuru w’umugambwe "Movement for Democratic Change" utacana uwaka na perezida Robert Mugabe, aheruka gutanga imihoho mu mpera z’umwaka uheze.
Bennet yar'azwi nk’umuntu yafasha ibihumbi amajana vy’abanyagihugu bakenye muri Zimbabwe mu kurihira abana babo amashure.
Ntibiramenyekana ico yariko arakora muri reta ya New Mexico.
Facebook Forum