Uko wahagera

Igisirikare ca Somaliya Carishe aba Al Shabab 7


Abarwanyi ba al-Shabab bapfutswe mu maso n'abasirikare ba Somaliya i Kismayo, mu bumanuko bwa Somaliya, Italiki 3 ukwezi kwa 10 umwaka, 2012.
Abarwanyi ba al-Shabab bapfutswe mu maso n'abasirikare ba Somaliya i Kismayo, mu bumanuko bwa Somaliya, Italiki 3 ukwezi kwa 10 umwaka, 2012.

Igisirikare ca reta ya Somaliya catangaje ko cishe abarwanyi bashika ku 7 ba al-Shabab kur’uyu wa kane, bongera basambura ibirindiro vyabo mu bumanuko bw'igihugu.

Generali Ismail Sahardid w'igisirikare ca Somaliya yabwiye Ijwi ry’Amerika ko igisirikare cigaruriye igisagara ca Bar-Sanguni kiri ku bilometero 45 mu bumanuko bw’igisagara ca Kismayo.

Avuga kandi ko abasirikare biwe bashoboye gusambura ibirindiro bitari bike, hamwe n’imodoka al shabab yakoresha mu kwunguruza abarwanyi bayo, bongera babatwara n'amasasu.

Igisagara ca Bar-Sanguni, kimaze imyaka myinshi kigenzurwa na al-Shabab. Niho uwo muhari wategurira ibitero ku basirikare ba reta hamwe n’aba Kenya bo mu nteko za AMISOM ziri muri reta ya Jubbaland.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG