Uko wahagera

Zimbabwe: Mnangagwa Yiyemeje Kuzotunganya Amatora Vuba 


FILE - Zimbabwe’s President Emmerson Mnangagwa mw'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe ZANU-PF i Harare, ukwezi kwa 12 italiki 15, 2017

Perezida w’igihugu ca Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa yatangaje kw’igihugu ciwe kizotunganya amatora mu mezi ari hagati y’ane n’atanu. Azoba abaye amatora ya mbere kuva umutegetsi yatwaye Zimbabwe mu kiringo kirekire cane, Robert Mugabe akuwe ku butegetsi.

Ivyo Mnangagwa yavyemeye ku musi wa gatatu mu rugendo yagize mu gihugu kibanyi ca Mozambike. Ivyo bitangazwa n’ikinyamakuru ca Reta, Herald. Perezida Mnangagwa avuga ko gushira imbere amahoro. Yemeye ko amatora yimirije azorangwa n’ubwigenge kandi azogenda neza.

Vyari bitegekanijwe kw’amatora aba mu kwezi kw’indwi canke ukwezi kw’umunani kw’uyu mwaka. Ku ntwaro ya Mugabe, amatora muri Zimbabwe yaranzwe n’ubusuma, uruhagarara n’ubwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG