Uko wahagera

Tillerson: Amerika Izova muri Siriya Assad Akuwe ku Butegetsi


Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Rex Tillerson asigura Politike ya Trump kuri Siriya, California, Italiki ya 17, ukwezi kwa mbere, 2018

Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bazoguma muri Siriya gushika umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu uneshejwe, kandi bazogumayo kugira bahangane na Irani mur’ako karere, kandi bafashe mu kwirukana perezida Bachar al-Assad, ku butegetsi.

Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa gatatu na Sekreteri wa reta w’Amerika Rex Tillerson, mu gisagara ca Stanford muri reta ya California aho yariko ashikiriza politike ya reta ya Trump kuri Siriya.

Tillerson avuga ko Amerika yigiye ku vyabaye muri kahise muri Iraki, aho yihuse kuvayo mu mwaka w’ 2011, mu nyuma habona kuvuka umuhari wa al Qaida wahavuye uvyara umuhari wa reta ya kiyisilamu.

Kubwa Tillerson, Amerika ivuye muri Siriya yoba isigiye urubuga Irani, umwansi wa reta ya Donald Trump, gushinga imizi mur’ico gihugu no gufasha intwaro ya Assad. Ati "dutegerezwa gukora ku buryo ibiganiro kuri Siriya bitazoha akaryo Irani kugenzura ako karere”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG