Uko wahagera

USA: Abantu 10 Baramaze Kwicwa n'Imbeho


Umwana yitwikiriye ari kumwe na nyina bagiye kw'ishure, New York
Umwana yitwikiriye ari kumwe na nyina bagiye kw'ishure, New York

Imbeho nyinshi irenze urugero yarahungabanije uruja n’uruza rw’indege, imodoka mu mabarabara makuru makuru, amashure hamwe n’ubuzi bwa reta kur’uyu wa gatatu mu ma reta amwe yo mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Abantu bashika kuri 10 gushik’ubu baramaze gupfa, harimwo umwana yapfiriye mu modoka yaguye mw’ibarafu mu muserege muri reta ya Louisiana.

Indege zirenga 800 zarahagaritswe kuguruka muri Amerika yose mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu, nkuko bigaragara mu buhinga ngurukana bumenyi bwashiriweho gukurikirana uruja n’uruza rw’indege muri Amerika.

Izindi ndege 60 zagurutse inyuma y’amasaha zari kugurukako bivanye nuko ibibuga vy’indege vyanyerera kubw’igikonyozi cinshi catumye neje zicika amabarafu ku bibuga mu bisagara vya New Orleans muri Louisiana, i Memphis, muri Tennessee, na Raleigh-Durham, muri Carolina ya ruguru.

Abana b’abanyeshure baharurwa mu bihumbi hamwe n’abigisha babo ntibatonze ku mashure. Ibisagara bitari bike vyarasibije amanama yar’ategekanijwe, amasentare ntiyashashe ndetse n’amaduka y’urudandazwa yarugaye.

Abakurikirana ihindagurika ry’ibirerere bavuga ko mu mpera z’iyi ndwi hazoba hari agahengwe kuko degres z’ubushuhe zizoduga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG