Uko wahagera

Abanyamerika 2 Banyurujwe muri Nijeriya


Abajejwe umutekano mu bikorwa vyo gukizura hafi y'ahanyurujwe Umudagimu mihana y'i Janjala, muri Nigeriya, mu Kwezi kwa 2, italiki 24, 2017.
Abajejwe umutekano mu bikorwa vyo gukizura hafi y'ahanyurujwe Umudagimu mihana y'i Janjala, muri Nigeriya, mu Kwezi kwa 2, italiki 24, 2017.

Abanyamerika 2 hamwe n’AbanyeCanada 2 baranyurujwe inyuma y’aho baguye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho mu buraruko bwa Nijeriya. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa gatatu n’umuvugizi w’igipolisi.

Abo banyamahanga 4 bari mu rugendo ku musi wa kabiri bava mu gisagara ca Kaduna bagana ku murwa mukuru, Abuja, imbere yuko barwa mu mutego wahitanye abapolisi bari babaherekeje.

Mukhtar Aliyu avugira igipolisi mu gisagara ca Kaduna avuga ko igipolisi kiriko kirakora ibishoboka vyose kugira kibabohoze bakiri bazima kandi bafate n’ababikoze. Ariko ntiyatomoye ibiranga abo banyurujwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG