Uko wahagera

Abashingamateka mu Burundi Ntibashima Gukatwa Imishahara


Agathon Rwasa ni we arongoye urunani rw'Abigenga Amizero y'Abarundi

Abashingamateka bo mu bigenga Mizero y’Abarundi ntibashima gukatwa ku mishahara ya bo intererano y’amatora asabwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubwo ikigega ca Leta.

Ivyo biri mu rwete bandikiye umukuru w’inama nshingamateka kw’igenekerezo rya kane k’uno kwezi kwa mbere .

Abo bashingamateka bavuga ko izo ntererano zigiye gutozwa, hanahonyanzwe ibwirizwa shingiro rya Repubulika y’Uburundi mu ngingo yaryo ya 70 kandi ko intererano nk'izo zisabwa Abarundi mu gihe hateye ibiza mu gihugu.

Ikindi ngo n’uko izo ntererano zitangwa ar’uko inama nshingamateka na nkenguzamateka zavyemeje nk’uko ingingo y’159 y’ibwirizwa nshingiro ibivuga mu gace ka 5.

Mur’urwo rwandiko rw’impapuro zitatu abo bashingamateka bo mu Mizero y’Abarundi bavuga ko badatahura ingene ata gitigiri c’amafaranga akenewe gutozwa ku bijanye n’amatora kirashirwa ahabona.

Ikindi abo bashingamateka biyamirizwa n’itozwa kabiri ry’iyo ntererano ku bakozi ba Leta mu gihe muyo Leta itegerezwa gukoresha ayo gukoresha mu matora yimirije mu gihugu yategekanijwe.

Abo bashingamateka bakababazwa n’ingene Abarundi basabwa intererano z’amatora mu gihe bari mu bukene buzura inzara banahanzwe n’iduzwa ry’ibiciro vy’ivya nkenerwa.

Amakenga y’abashingamateka bo mu mizero y’Abarundi ntatandukanye n’ayo uwurongoye ishirahamwe PARCEM rihamagarira Abarundi guhindura ingendo.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uno wa gatatu Faustin Ndikumana arongoye PARCEM yashikirije ko igipfungu ari cinshi mw’itozwa ry’izo mfashanyo zigenewe amatora ya 2020.

Itegeko risaba izo ntererano abarongoye ubushikiranganji bw’ikigega ca leta n’ubwo intwaro yo hagati mu gihugu bateyeko igikumu ritegekanya ibiganiro n’abegwa n’izo ntererano ibitaraba gushika ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG