Uko wahagera

Burundi: Ibikoresho vy'Iradiyo Ntumbero FM Mu Minwe ya Sentare


Abamenyeshamakuru bakorera Radiyo Ntumbero FM mu Burundi

Sentare nkuru ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo gufata ibikoresho vya radiyo Ntumbero FM vyari bifiswe n’abanyamakuru bane b'iyo radiyo bitwariwe n’ishengero ry’urutare “Eglise du Rocher”.

Iyo sentare yavuze ko iyo ngingo yafashwe kubera ivyo bikoresho biri mu matati. Abo bamenyeshamakuru n'aho batashimye iyo ngingo bayubahirije . Bagasaba ko ivyo vyuma vyorabwa neza ngo kuko iradiyo yabo ishobora kwugurura ikazobikenera.

Abo bamenyeshamakuru babwiye Ijwi ry' Amerika ko naho iyo ngingo itabanezereje, bubashe ingingo y’ubutungane.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Raymond Nzimana niwe yakurikiranye urwo rubanza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:35 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG